IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo co kunonora imitsi kizokorwa kuwa 2 Ruheshi 2018 ku bashaka (...)

Ikibazo co kunonora imitsi kizokorwa kuwa 2 Ruheshi 2018 ku bashaka kwinjira mu rwego rw’intwazangabo

vendredi 1er juin 2018

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umuyobozi wa ISCAM, Col Gaspard BARATUZA, yanditse amenyesha ko, kubo mu gisagara ca Bujumbura, ico kibazo kizokorerwa mu kigo ca ESCEM ahahoze ikambi y’abapara.

Col Gaspard BARATUZA, amenyesha ko kazoba n’akaryo ko kubereka amanota baronse mu kibazo c’ubwenge, bace baboneraho n’akaryo ko kubaza aho bafise akangonongono ku matota bazoba baronse.

Col Gaspard BARATUZA, avuga ko, ku bari mu gisagara ca Bujumbura, batazi ahazokorerwa ikibazo, bashobora gutumbera ikigo ca ISCAM hazoba hariho abajejwe kubereka aho batumbera.

Ikibazo c’ubwenge cari cakozwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 26 Ruheshi 2018, mu ntara zose z’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.