IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshikiranganji iriga urwandiko rujanye n’ishirwaho ry’ibanki (...)

Inama nshikiranganji iriga urwandiko rujanye n’ishirwaho ry’ibanki y’urwaruka

mercredi 21 Ruheshi 2017

Ibindi vyigwa mu nama nshikiranganji, harimwo integuro y’itegeko igenga ingene ubuvuzi ,n’ingene ibindi bikorwa bijanye n’amagara y’abantu bikorwa mu Burundi.

Mu bijanye n’amagara y’abantu nyene, inama nshikiranganji iriga integuro y’itegeko rigenga ingene imiti ikoreshwa,urudandazwa rw’imiti,abakorera mu gisata co kuvura amaso hamwe n’abavuzi bakoresha imiti kama.

Ibindi biri ku rutonde vy’ivyigwa ni integuro y’itegeko igenga ibijanye n’isuku mu Burundi,iyo nteguro ishikirizwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu.

Muri iyo nama ,harigwa kandi integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga ishirwaho ,itunganywa hamwe n’ibikorwa vy’umurwi uhuza ubushikiranganji ukurikirana ishirwa mu minwe y’abikorera ivyabo,ibisata vya Reta.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.