IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishure Kaminuza Nderabigisha ENS ryatumyeko abanyeshure bashasha kuja (...)

Ishure Kaminuza Nderabigisha ENS ryatumyeko abanyeshure bashasha kuja kwiyandikisha

jeudi 7 Nyakanga 2017

Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono n’umuyobozi w’iahuri kaminuza nderabigisha ENS Dr. Ir Hassan NUSURA abanyeshuri bazokwiyandikisha kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 22 Nyakanga 2017, mu kigo c’ishuri ENS kiri mu Kigobe.

Ubuyobozi bw’ishuri kaminuza nderabigisha ENS bumenyesha kandi ko hari impapuro zisabwa kugira umunyeshuri aronke uburenganzira bwo kwiyandikisha, izo nazo akaba ari:

Urupapuro rw’amavuka,urupapuro ruriko umwidondoro ukwiye,urupapuro rwerekana uko ubuzima bwiwe bwifashe,urupapuro rwemeza ko adakurikiranwa n’ubutungane,urupapuro rwerekana ko afise imico myiza,urupapuro rwerekana aho yagiye arikurikiranya kwiga,udufoto duto duto dutatu, hamwe nico ivyo vyose bibikwamwo.

Muri iryo tangazo,ubuyobozi bw’ishuri kaminuza nderabigisha ENS bumenyesha ko ingingo yoo kwiyandikisha itaraba abiga mu myaka ya kabiri kuduga, kuko bobo bamaze kwiyandikisha, mbere n’ivyigwa vyatanguye.

Ubuyobozi bw’ishuri kaminuza nderabigisha ENS burangiza bumenyesha abanyeshuri bazoba biyandikishije, ko isango ryo gutangura ivyigwa rizomenyeshwa hanyuma.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.