Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi yasubiriye kugabisha abanyeshure bahagaritse (...)
Kaminuza y’Uburundi yasubiriye kugabisha abanyeshure bahagaritse ivyigwa
vendredi 21 Ndamukiza 2017, par
Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwagabishije irya nyuma abanyeshure bahagaritse ivyigwa. Itangazo ryasohowe na Gaspard BANYANKIMBONA, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi rivuga ko abanyeshure batazoba basubiriye kw’ishure kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2017 igihe c’isaha zibiri z’agatondo, bazoba batakaje umwaka w’ishure barimwo.
Kaminuza y’Uburundi yari yatanze ikiringo ntarengwa co kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2017, ikiringo congewe gushika kuri uwu wa mbere.
- Gaspard BANYANKIMBONA, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi
Ku ruhande rw’abaserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi, babandanya kumenyesha ko badashobora gusubira kwiga ivyo basavye bidakozwe. Ivyo navyo ni ipfungurwa rya bagenzi babo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ugukuraho ingingo yafashwe y’ukwirukana umunani mu baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi.
Abo banyeshure basaba kandi ko abaporisi hamwe n’abakozi b’igendereza ko boreka kubandanya bahagarika abaserukira abandi, aho tukabamenyesha ko uwundi munyeshure, Egide NIMENYA ari mu baserukira abandi yahagaritswe nawe ku mugoroba wo kuri uwu wa kane, akaba apfungiwe mu kibanza kitaramenyekana.
Umukuru w’igihugu nawe agasabwa ko yohagarika ingingo isubiramwo ingene abanyeshure ba Kaminuza bahabwa agafashanyo kagiye guhinduka ingurane.
IGIHE
Messages
21 Ndamukiza 2017, 14:11, par Wakera
Nikureviterabwoba iyi mbonerakure!!!
21 Ndamukiza 2017, 16:07, par mumba
mbega ko atumako abobana bigihugu ivyo basavye vyaragiye mungiro?canke inzira karengane ziri mumpimba zarekuwe?nikuki abategetsi bigira abantu bazi umbwenge kurusha abandi.
22 Ndamukiza 2017, 09:56, par Elvis
Ahubwo Nibarekur Bos Baj Mu Vyirwa Vyabo.
22 Ndamukiza 2017, 10:24, par Mediator
Bareke babe barayerera bazogaruka nibabona babikeneye nkubu ubona mubingingiriki? Icahora gihagaritse imitima abarundi twese cari:
igisirikare kigizwe n,ubwoko bumwe
kaminuza yigako bamwe gusa abandi bakanyuruzwa
inzego za leta ziharijwe nabamwe gusa
leta zakuranwa z,amakudeta
Ama karitiye( quartier)amwe amwe yajamwo hamwe canke atinjigwa na Bose
Ariko ivyo vyose vyararangiye kandi nivyo vyari bikuru ibisigaye niba igihugu amoko yose twibaniye amahoro dusangiye inzego zoose , Ubwo bunyeshure bureke ntabwoba bateye
22 Ndamukiza 2017, 11:08, par kavyinabuhiye
arahumba ico twiyemeje dutegerezwa kugishitsa.akarenganyo twarakamenyerey icotwasavye kitagiy mungiro ntiturota dusubira kumirimo.nubu naturekurire abacu bariko baborezwa igufa,imirimo irabndanya hama twiteg ivyo biganiro.
23 Ndamukiza 2017, 02:31, par Ntakirutimana AL Joel
Aboba yobozi bakaminuza barantangaza cane bebibaza ivyo bariko baratangaza bishobora gufashiki umunyeshure? cakabiri, abo banyeshure barondera ihaki yabo ntibabarondera ihaki ya barogozi, nicogituma bariko bakora interabwoba rikomeye kubanyeshure baribasazwe bareze!.
Nibahagarare rugabo baharanire uburenganzira bwabo nubwabarumuna babo, bari bahanze amaso kazoza keza kuri kaminuza.
23 Ndamukiza 2017, 04:28, par Ambassadeur Ndik.
Nibarekure Abo Bana Buburundi Hama Basubire Kwishure . Mbga Ako Gafashanyo Twebwe Bene Gufatirwa Ingingo Tutiyamiriza Harabo Twatumy Ngo Batuvugire?
23 Ndamukiza 2017, 12:06, par Steven
Nibanze Barekure Abafunzwe
24 Ndamukiza 2017, 09:36, par Nkurunziza Denis
Nibagende Babivugane Bari Kw’ishure
24 Ndamukiza 2017, 19:00
umwana atokura yopfa kare.Abo birukanwe ni abitangiye hari abagiye gupfa babanj kuruha mu bihenda ngo basubiye kwiga bihojej ko kaminuza umenya aho uyinjiriy gusohoka rikaba ibanga.,