IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Karusi : Sentare nkuru yaciriye gupfungwa amezi atatu uwagirizwa gutabura (...)

Karusi : Sentare nkuru yaciriye gupfungwa amezi atatu uwagirizwa gutabura ikarata y’itora

vendredi 18 mai 2018

Uwo mugabo yahanywe na sentare Nkuru y’intara ya Karusi, azwi kw’izina rya Nyandwi Salvator, yabikoze mu gihe hariko haba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko uwo mugabo yahanwe hisunzwe ingingo ya 225 igenga igitabu kigenga ivyaha bijanye n’amatora.

Abaye uwugira kane ahawe igihano na sentare, yagirizwa icaha co mu matora, inyuma y’uwahanywe mu gisagara ca Bujumbura na babiri bahanywe mu ntara ya Ruyigi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.