IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Karusi : Umuporisi yagirizwa kwica mugenzi we yaciriwe gupfungwa ubuzima (...)

Karusi : Umuporisi yagirizwa kwica mugenzi we yaciriwe gupfungwa ubuzima bwose

mardi 27 février 2018

APP MASABIRE Severin yari asanzwe akorera mu giporisi kijejwe gukinga impanuka mu ntara ya Karusi,yagirijwe kwica mugenzi we APC NTUNGWANAYO Renovat akoresheje inkoho.

APC NTUNGWANAYO Renovat yitavye Imana amaze gushikanwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Karusi, bivuye ku bikomere yakomerekejwe n’amasase.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano,APP MASABIRE Severin yarashe amasase menshi mu rugo iwe bivuye ku kaborerwe, mu gihe umugore wiwe yahamagaye abaporisi kugira batabare niho yaca arasa uwo mu porisi mugenzi we.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.