Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubuseruko
Kenya : 10 bahitanywe n’indaye hagati y’abungere
Yanditswe taliki ya 20-03-2017 - isaha 07:56' na IGIHE

Abantu icumi nibo bitavye Imana inyuma y’indyane zadutse hagati y’abungere mu gihugu ca Kenya, bivuye kukwibana inka hagati y’abungere mu gace ka ka Kom akarere ka Isiolo mu buraruko bw’umugwa mukuru w’igihugu ca Kenya Nairobi.

Amakuru ava mu gihugu ca Kenya amenyesha ko ,uruzuba rumaze igihe muri Kenya rwatumye bamwe mu borozi bimuka baja kurondera uburagiro aho batari basanzwe baba, bituma hari bamwe bishavuza.

Kubera ukwo kwimuka kw’abungere barondera aho baragira ibitungwa vyabo,vyatumye haba imishamirano hagati y’abungere b’ibitungwa mu bice bitari bike vy’igihugu ca Kenya.

Abategetsi b’igihugu ca Kenya bamaze kurungika abajejwe umutekano ahabereye ako kaguma, kugira barinde ko abantu basubira gutana mu mitwe.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.