IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Abajejwe umutekano benshi barungitswe ahabera imyiyerekano

Kenya: Abajejwe umutekano benshi barungitswe ahabera imyiyerekano

lundi 2 Gitugutu 2017

Iyo myirekano yatumweko na Raila Odinga, umukuru w’urunani NASA, asigura ko ariyo kugondoza bamwe mu bagize umurwi utegura amatora ngo batange imihoho imbere yuko amatora ya kabiri aba.

Abanywanyi b’urunani NASA bitezwe kuja ku biro vy’umurwi utegura amatora IEBC, aho naho abajejwe umutekano bakaba bazindutse bahakikuje mu ntumbero yo gukomeza umutekano.

Umukuru w’urunani NASA, Raila Odinga, yagabishije abajejwe umutekano, ababuza kugira uwo basinzikariza ubuzima, mu myiyerekano yo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 2 Gitugutu 2017.

Raila Odinga avuga ko abanyagihugu barekurirwa n’ibwirizwa shingiro gutunganya imyiyerekano yo kwerekana aho bagaze mu vyiyumviro vyabo.

Yavuze ko imyiyerekano yatunganijwe ifise n’intumbero yo kwiyamiriza umugambi w’abo mu runani Jubilee rurongowe n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta wo gutunganya amategeko mashasha agenga amatora, asigura ko uteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.