IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Abakozi babiri ba Kenya Airways bafatanywe ibiyayuramutwe

Kenya : Abakozi babiri ba Kenya Airways bafatanywe ibiyayuramutwe

jeudi 2 novembre 2017

Ikinyamakuru The Citizen co mu gihugu ca Kenya camenyesheje ko abo bagabo babiri bose bava mu gihugu ca Kenya, bahagaritswe hasigaye iminota 15 ngo indege ive hasi ku kibuga c’indege Jomo Kenyatta ija i Cotonou muri Benin.

Umwe mu batwara imodoka zikorera ku kibuga c’indege bikekwa ko bakorana vya hafi , akaba ari nawe yabafashijwe mu kwunguruza ivyo biyayuramutwe na we yafashwe inyuma y’umwanya muto.

Ishirahamwe ryunguruza abantu n’indege Kenya Airways ryaciye risohora itangazo rimenyesha ko ryatanguye gukorana n’abajejwe umutekano kugira ico kibazo gitorerwe inyishu.

Kenya Airways yamenyesheje kandi ko yubaha amategeko n’amabwirizwa agenga igihugu ca Kenya, n’ayo ibihugu vyose ikoreramwo.

Mu ndwi zibiri ziheze ,uwundi mukozi wa Kenya Airways yarahagaritswe afise ibiro 17 vy’ibiyayura mutwe vyo mu bwoko bwa heroine.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.