IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Abantu 4 bapfuye ,amazu ibihumbi 6 arasha bivuye ku muriro

Kenya:Abantu 4 bapfuye ,amazu ibihumbi 6 arasha bivuye ku muriro

lundi 29 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko uwo muriro watanguye igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ariko gushika n’ubu ica wutumye kikaba kitaramenyekana.

Abajejwe intwaro bo muri ako gace bavuze ko, abantu bashika ibihumbi 14 aribo baraye hanze kubera amazu yabo yari yafashwe n’umuriro.

Iradiyo y’Abongereza BBC imenyesha kandi ko, abanyagihugu baho i Langata bavuze ko bahomvye ibintu vyinshi,harimwo ibidandazwa,amazu hamwe n’amamiriyoni y’amashiringi yaho mu gihugu ca Kenya.

Ntivyoroheye abakora ibikorwa vyo kuzimya uwo muriro, kuko amabarabara mato mato ari mwako gace hamwe n’amazi yaciye ahera.

Amakuru ava i Langata amenyesha ko umuriro wagiye kuzimwa mu gatondo ko kur’uyu wa mbere.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.