Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Abantu batatu boba bamaze kwitaba Imana mu myiyerekano
 Kenya: Abantu batatu boba bamaze kwitaba Imana mu myiyerekano
 Kenya: Abantu batatu boba bamaze kwitaba Imana mu myiyerekano
				
				jeudi 10 Myandagaro 2017
Amakuru dukesha Iradiyo y’Abafaransa RFI amenyeshako hoba hari n’abandi bantu babiri bari bitavye imyiyerekano bishwe mu gisagara ca Nairobi.
Umuporisi akorera muri ako gace yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko abo bantu bapfuye bari mu myiyerekano,inyum ayaho umurwi w’ abaporisi urungikiwe kugarukana umutekano mu gaco karimwo imyiyerekano.
Amakuru ava mu gisagara ca Nairobi, amenyesha ko hari n’abandi baciye bikika mu kiza basahura ibidandazwa vy’abanyagihugu bakorera muri ako gace k’umurwa mukuru.
Mwomenya ko mu ntara ya Kisumu isanzwe irimwo abatuvaga rumwe na Reta benshi ,habereye imishamirano hagati y’abaporisi bagwanya imigumuko n’abantu baribazibiye amabarabara, ivyo bikaba vyashitse inyuma yaho umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora ushikirije ko mu biharuro mfatakibanza vy’amatora, Uhuru Kenyatta ariwe aza imbere gusumba Raila Odinga.
Vianney BIKORIMANA
