IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Igiporisi cahagaritse umunyaporitike yitavye ibirori vyo kurahira kwa (...)

Kenya:Igiporisi cahagaritse umunyaporitike yitavye ibirori vyo kurahira kwa Odinga

samedi 3 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ababibonye, bavuga ko igiporisi cakoresheje ibiturika mu kumena umwango ku nzu ya Miguna Miguna, imbere yo kwinjira bakamufata.

Ayo makuru nyene y’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko uwo munyaporitike Miguna Miguna yari amaze guhigira igiporisi incuro nyinshi agisaba guhirahira kikamufata.

Raila Odinga avuga ko amatora yo mu mwaka uheze yibwe kugira umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta atsinde.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.