IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Igiporisi cugaye imboneshakure Citizen TV na NTV

Kenya : Igiporisi cugaye imboneshakure Citizen TV na NTV

mardi 30 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umwe mu barongoye izo mboneshakure yavuze ko abakozi b’ikigo kigenzura itumatunako ry’amakuru bari kumwe n’igipolisi, binjiye ahakorera imboneshakure arongoye barayihagarika.

Amakuru ya BBC, avuga ko ari ku ncuro ya mbere ibintu nk’ivyo bikozwe mu gihugu ca Kenya.

Ubutegetsi mu gihugu ca Kenya bwaragabishije ibinyamakuru ko bitokwerekana ibirori vyo kurahiza Raila Odinga, kuko bifatwa nk’uguhemukira igihugu mu gihe, uwo atavuga rumwe na Reta yatsinzwe mu matora yo mu mwaka uheze wa 2017.

Abanyagihugu baharurwa mu majana bakoraniye ku kibuga co kuruhukiramwo Uhuru Park habera ivyo birori, naho igipolisi cari catangaje ko kizohazibira ntihagire uwujayo.

Amatora yo mu kwezi kw’umunani 2017 yaragizwe impfagusa kubera ibitagenze neza. Aya kabiri atitabwe na Raila Odinga, yatsinzwe n’umukuru w’igihugu atsindwa Uhuru Kenyatta.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.