Kenya : Papa Francois yahamagiye abakenya kuja mu biganiro

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 23 octobre 2017 saa 02:49
Yasomwe : 6030
0 0

Umwungere wa Ekleziya Katorika papa François yipfurije abanyakenya bose gutekana mu bibazo barimwo babicishije mu biganiro vyubaka. Ivyo yabishikirije mu gihe c’igisabisho citiriwe « Angelus »

Papa François abishikirije inyuma y’imisi mike abasenyeri ba Ekleziya bo mu gihugu ca Kenya bateye akamo abanyeporitike bose kwishimikiza igisabisho nk’ikigwanisho,kugira ishaka nk’ikigwanisho hamwe n’urukundo kuri bagenzi babo bose kugira batsimbataze amahoro.

Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yaheruka gusaba abanyagihugu bose bo mu madini yose gusengera ukunywanisha ,amahoro hamwe n’ubutungane mu gihugu.

Tubibutse ko abanyakenya bazosubira kuja mu matora igenekerezo rya 26 gitugutu 2017 aho umukuru w’abatavugarumwe na Reta Raila Odinga yamenyesheje ko atazoyitaba .


Kumenyekanisha

1
nihondi 25-10-2017 à 11:42

nivyo nyene abakenya bakwiye gutekana bakitegurira kugaruka kwa Yesu.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha