IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Raila Odinga ashaka ko haba Reta mfatakibanza

Kenya : Raila Odinga ashaka ko haba Reta mfatakibanza

mercredi 8 novembre 2017

Aho ari mu rugendo mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,Raila Odinga yavuze ko yiteguye kuganira n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta ku bijanye no guhindura ibwirizwa nshingiro, aho bamwe bavuze ko bakumiriwe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ari aho akorera, Raila Odinga yavuze ko amatora ashingiye ku mukuru w’igihugu atuma agwiza amacakubiri ashingiye ku moko, bitumwe n’uko imiryango yogira umutekano mu gihe uwuva muriyo ariwe arongoye igihugu.

Tubibutse ko Raila Odinga yanse kwitaba amatora ya kabiri, asaba ko muri ico kiringo hoca hahindurwa ibwirizwa shingiro mu ntumbero yo gutunganya gushasha ububasha bw’umukuru w’igihugu.

Naho uwo atavuga rumwe na Reta atitavye amatora,Uhuru Kenyatta yarasanzwe atwara igihugu ca Kenya ,niwe yatsinze amatora ya kabiri yo ku wa 26 Gitugutu ku bice 98 kw’ijana.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.