IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Raila Odinga yahakanye ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu

Kenya : Raila Odinga yahakanye ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu

mercredi 1er novembre 2017

Raila Odinga yavuze ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017 asubiwemwo,agatsindwa na Uhuru Kenyatta yahora atwara igihugu ari inkinamico.

Uwo atavuga rumwe na Reta yaneguye umurwi w’igihugu utegura amatora IEBC avuga ko ibiharuro vyashizwe ahabona vy’abitavye amatora atari vyo, yongera anegura Uhuru Kenyatta avuga ko yihaye ubutegetsi.

Ku ruhande rwiwe,Uhuru Kenyatta yavuze ko ibiharuro vy’amajwi yavuye mu matora vyasubiriye kwerekana ico abanyagihugu ba Kenya bipfuza.

Uhuru Kenyatta yatsinze amatora ku majwi 98 kw’ijana, mu gihe Raila Odinga wewe yahamagariye abayoboke biwe kutitaba amatora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.