Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kutitaba amatora
Kenya : Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kutitaba amatora
mercredi 25 octobre 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko Raila Odinga yavuze ko abategetsi b’igihugu bananiwe gutunganya gushasha umurwi w’igihugu utegura amatora EIBC, kuko ayo wateguye mu kwezi kw’umunani yabayemwo amanyanga.
Raila Odinga arongoye urunani NASA rutavuga rumwe na Reta yavuze ariko ko ata wundi ashobora gutorera inyishu ingorane ziri mu gihugu ca Kenya, atari abanyakenya bonyene ubwabo.
Hagati aho, abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu ca Kenya basavye abanyeporitike kutagira inyifato yotuma haba umutekano muke mu gihugu.
Ku rundi ruhande,umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta avuga ko ari ngombwa ko amatora aba nk’uko yateguwe.
MUGISHA Van Naris