IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kutitaba amatora

Kenya : Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kutitaba amatora

mercredi 25 octobre 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko Raila Odinga yavuze ko abategetsi b’igihugu bananiwe gutunganya gushasha umurwi w’igihugu utegura amatora EIBC, kuko ayo wateguye mu kwezi kw’umunani yabayemwo amanyanga.

Raila Odinga arongoye urunani NASA rutavuga rumwe na Reta yavuze ariko ko ata wundi ashobora gutorera inyishu ingorane ziri mu gihugu ca Kenya, atari abanyakenya bonyene ubwabo.

Hagati aho, abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu ca Kenya basavye abanyeporitike kutagira inyifato yotuma haba umutekano muke mu gihugu.

Ku rundi ruhande,umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta avuga ko ari ngombwa ko amatora aba nk’uko yateguwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.