Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Raila Odinga yemeye kwitaba amatora azosubirwamwo
Kenya: Raila Odinga yemeye kwitaba amatora azosubirwamwo
samedi 9 Nyakanga 2017
Ubwa mbere Raila Odinga yari yavuze ko ashobora kutitaba amatora azosubirwamwo, mu gihe abagize umurwi utegura amatora mu gihugu ca Kenya batohinduka.
Mu ntango z’ukwezi kw’icenda, sentare ntahinyuzwa ya Kenya yimye agaciro ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’umunani, aho Uhuru Kenyatta ari ku butegetsi yari yavuzwe ko ariwe yatsinze amatora.
Umukuru wa sentare ntahinyuzwa yavuze ko ayo matora y’umukuru w’igihugu yabayemwo utunenge,aca asaba ko yosubirwamwo mu minsi 60.
Raila Odinga yavuze ko yatsinzwe kubera amamashini yakoreshwa n’umugwi ujejwe gutunganya amatora yinjiwemwo.
MUGISHA Van Naris