IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Uhuru Kenyatta yatanguye uburongozi mu kindi kiringo c’imyaka (...)

Kenya : Uhuru Kenyatta yatanguye uburongozi mu kindi kiringo c’imyaka itanu

mardi 28 novembre 2017

Ibirori vyatanguye nk’igihe c’isaha zitanu n’igice mu masaha yo mu Burundi, niho barahira ko bagiye kurongora igihugu ca Kenya, imbere y’abanyacubahiro batandukanye, harimwo abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Mu bakuru b’ibihugu bitavye ibirori, harimwo Yoweri Museveni w’Ubuganda, Ian Khama wa Botswana, Edgar Lungu wa Zambiya, Ismaïl Omar Guelleh wa Djibouti, Hage Geingob wa Namibiya, Faure Gnassingbé wa Togo, Mohamed Farmajo wa Somalia.

Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yashimiye abanyagihugu bamutoye abizeza ko ikiringo ca nyuma atwaye Kenya kizoba ico kurwiza ubutunzi.

Uhuru Kenyatta yavuze ko abarwayi bazohora bavuzwa na Reta ku rugero rw’ijana kw’ijana, hazokwubakwa inzu zirenga ibihumbi 500 zizofasha abanyagihugu kuronka aho baba kandi hazimbutse.

JPEG - 32.6 ko
Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya

Umukuru w’igihugu ca Kenya yamenyesheje ko kuva mu mwaka uza wa 2018, abanyafrika bose bazoba bipfuza gutembera muri Kenya, bemerewe kwinjira mu gihugu bagahabwa uburenganzira bwo kuhaba bashitse aho binjirira mu gihugu, nayo ku bava mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bazokwinjira bakoresheje karangamuntu zabo gusa.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, azoheza ikiringo ciwe mu mwaka wa 2022, bikavugwa ko ari naco kiringo ca nyuma ciwe.

Ibirori vyo kurahira kw’umukuru w’igihugu vyabaye mu gihe abayoboke ba Raila Odinga, umukuru w’abatavuga rumwe na Reta bari mu myiyerekano.

Uburundi bwari bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.