IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Umushikiranganji w’amagara y’abantu asaba amatohoza ku bagore bafatwa (...)

Kenya : Umushikiranganji w’amagara y’abantu asaba amatohoza ku bagore bafatwa ku nguvu

samedi 20 janvier 2018

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter,Cleopa Mailu yavuze ko azi neza ibivugwa ku bavyeyi bafatwa ku nguvu bagiye canke bavuye mu kibanza categuriwe abana b’inzoya nkuko vyagiye biravugwa ku mbuga zo ku buhinga ngurukanabumenyi.

Umwe mu bakoresha urubuga rwa Facebook, yavuze ko abavyeyi baterwa iyo bagiye kwonsa abana bari mu kindi cumba mw’igorofa itandukanye n’iyo barimwo.

Uwo munyakenya akoresha Facebook yavuze ko Ikibazo c’umutekano gikomeye ku bavyeyi bafise abana, kandi bategerezwa kuja kubonsereza mu kindi cumba ,atari ico basanzwe babamwo.

Ivyo biba mu gihe, abana bavutse bashikizwa mu vyumba biri hasi, nayo abavyeyi bakaba mu nzu iri ku rugero rw gatatu, kuko ari inzu igerekeranye.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Cleopa Mailu yasavye abarongoye ibitaro gukomeza umutekano, bakongera bakamuha icegeranyo ku bivugwa ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 22 Nzero 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.