IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Amatora y’umukuru w’igihugu yabaye umutekano ucunzwe bikomeye

Kenya : Amatora y’umukuru w’igihugu yabaye umutekano ucunzwe bikomeye

jeudi 26 octobre 2017

Amakuru ava mu gihugu ca Kenya amenyesha ko ibibanza biberamwo amatora bicungerewe cane kugira ntihagire abikika mu kiza ngo bahungabanye amatora yiyamirijwe n’abatavuga rumwe na Reta.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya IEBC wagumije Raila Odinga ku rutonde rw’abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu hamwe n’abandi umunani.

Uwurongoye umurwi utegura amatora IEBC, Wafula Chebukati yavuze ko umutekano ukomezwa kandi abajejwe umutekano bagerageza gukora bisunze amategeko.

Amatora ariko araba kuri uno wa kane n’ayo gusubiramwo ayabaye kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017 yari yatsinzwe n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta, aho sentare ntahinyuzwa yashikirije ko yabayemwo utunenge.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.