IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : NASA yasavye umurwi utegura amatora kwemeza ko Raila Odinga (...)

Kenya : NASA yasavye umurwi utegura amatora kwemeza ko Raila Odinga yatsinze amatora

vendredi 11 Myandagaro 2017

Uwari ajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza ku ruhande rwa Raila Odinga Musalia Mudavadi yavuze ko amakuru ava muri bamwe mu bagize umurwi utegura amatora yemeza ko Raila Odinga ariwe aza imbere mu majwi.

Mw’ikete urunani NASA rwandikiye umurwi utegura amatora IEBC, rusaba umurwi utegura amatora kumenyesha ko Raila Odinga na Kalonzo Musyoka aribo batsinze amatora.

Naho ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta ya Kenya bagumye bamenyesha ko amatora yabayemwo utunenge biciye mu buhinga bwa none, abarorerezi mpuzamakungu bobo bagumye bamenyesha ko amatora yagenze neza.

Abarorerezi b’amatora bo mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya bamenyesheje ko ata bimenyetso vyerekana ko amatora ya Kenya yabayemwo ubusuma.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.