IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Uwarahije Raila Odinga yirukanwe mu gihugu

Kenya:Uwarahije Raila Odinga yirukanwe mu gihugu

mercredi 7 février 2018

Abashingwamanza ba Miguna Miguna bamenyesheje ko uwo baburanira amaze gufungurwa yaciye yirukanwa mu gihugu.

Nkuko tubikesha iradiyo BBC,umushingwamanza Dr John Khaminwa yari mu baburanira Miguna Miguna yavuze ko yabwiwe ko uwo aburanira atakibarizwa ku butaka bw’igihugu ca Kenya.

Dr John Khaminwa yavuze ati :“Nivyo ,yategetswe kwurira indege KLM isaha umunani z’ijoro zigomba gukwira ,ubu twamenye ko yajanywe mu gihugu ca Canada,n’uguhonyanga agateka ka zina muntu.

Ayo makuru abandanya avuga ko Miguna Miguna agifatwa Reta ya Canada yandikiye igihugu ca Kenya yerekana amakenga ifise ku vyerekeye ihohoterwa ryiwe aho ico gihugu caciye gisaba ko asubizwa muri Canada.

Bivugwa ko inkuru zo kwirukana Miguna Miguna zatanguye kumenyekana inyuma yaho umucamanza wa sentare nkuru Luka Kimaru afashe ingingo ko arekurwa yongera abuza umukuru w’urwego rw’iperereza hamwe n’umugenduzi mukuru w’igiporisi kumwagiriza ikintu na kimwe.

Miguna Miguna yafashwe ku munsi wa gatanu w’indwi iheze yagirizwa ko yahagarikiye ibirori vya Raila Odinga ariko yirahiza nk’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 30 Nzero 2018,yategetswe gutanga ingwati y’amashiringi y’igihugu ca Kenya ibihumbi 5 ariko ntiyarekuwe.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.