IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Kigali : Ibohero rikuru ryatewe n’impanuka y’umuriro

Kigali : Ibohero rikuru ryatewe n’impanuka y’umuriro

lundi 26 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibohero rikuru ry’i Kigali, rizwi kw’izina rya 1930, ibohero ryabayeho ubwa mbere mu gihugu c’Urwanda ryatewe n’impanuka y’umuriro kuri uwu w’Imana. Umwotsi mwinshi niwo watanguye kuboneka ku gisenge c’iryo bohero riri i Nyarugenge. Iryo bohero ripfungiwemwo abanyororo bagera ku bihumbi bine.

Inzego zose z’umutekano w’Urwanda zarihutiye gutabara, kuva ku basirikare b’igihugu, abaporisi hamwe n’abajejwe gucunga umutekano w’amabohero, abo mu Rwanda bita "Abacungagereza".

ACP Jean Baptiste Seminega, umuyobozi w’umurwi ujejwe ubutabazi no kuzimya imiriro, yavuze ko igice kingana n’imetero 20 c’iryo bohero "Gereza ya 1930" arico cahiye muri rusangi. Yagize ati : “Ubushobozi bwacu bwose twahise tubuzana hano kugira ngo hadashya ahantu hanini. Ntituramenya icyateye iyi nkongi, ni iperereza rigomba gukorwa kugirango tumenye icyayiteye.”

JPEG - 185.3 ko
ACP Jean Baptiste Seminega, umuyobozi w’umurwi ujejwe ubutabazi no kuzimya imiriro

Johnston Busigye, umushikiranganji w’ubutungane bw’Urwanda, asanzwe ari nawe akurikirana ibijanye n’amabohero muri ico gihugu, yabwiye itangazamakuru ko ata muntu n’umwe yasize ubuzima muri iyo mpanuka, asigura kandi ko amasasu yumvikanye yari ayo gushiragiza abapfungwa bariko bagerageza kwurira impome nk’abashaka gutoroka.
Ati : “Abantu bagerageje kurira kiriya gipangu cy’inyuma bisa nk’aho bashaka gutoroka hanyuma amasasu avuga mu kirere barigarura, nta muntu n’umwe wahasize ubuzima.”

JPEG - 143.7 ko
Johnston Busigye, umushikiranganji w’ubutungane bw’Urwanda

Umupfungwa umwe niwe yakomerekeye bikomeye muri iyo mpanuka y’umuriro, abandi babiri nabo bakomereka bisanzwe, nk’uko vyemezwa n’umushikiranganji w’ubutungane.
Abapfungwa baba ahitwa muri bloc 11 bakaba batakaje ivyo bahora baryamako navyo nyene vyahiye biratokombera.

Umushikiranganji w’ubutungane yagize ati : “Nyuma y’umuriro turashyiramo abantu bareba uko ibintu bimeze n’uko byasubira mu buryo, hanyuma abagororwa basubire muri gereza nkuko bisanzwe, ubundi dushakishe icyateye uyu muriro.”

Iryo bohero rihiye mu gihe vyari bitegekanijwe ko abantu bari bahapfungiwe bimurirwa mw’ibohero rishasha rya Mageragere, rifise ubushobozi bwo kwakira abapfungwa 9000.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.