IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kirundo: Batatu bafatanywe ubutare bwa Cassiterite baciriwe gupfungwa (...)

Kirundo: Batatu bafatanywe ubutare bwa Cassiterite baciriwe gupfungwa imyaka 25

samedi 11 Ruhuhuma 2017

Sentare Nkuru y’intara ya Kirundo yaciriye abagabo batatu bafashwe bafise ibiro 33,5 vy’ubutare bwa Cassitérite ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda,gupfungwa imyaka 25 no gutanga ihadabu ry’imiriyoni 20 z’amafaranga y’amarundi.

Abo bagabo batatu ni BARUTWANAYO Issa, MAPALA Anaxi na MAPALA Anaxi, bafashwe n’igipolisi kuwa kane igenekerezo rya 9 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 ,i Gisenyi , mu ntara ya Kirundo,ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda.

Mu rubanza rw’ikibiriraho,icariho c’umushikirizamanza mukuru wa Republika mu ntara ya Kirundo,yabagirije kunyuruza amatungo ya Reta hamwe no guhungabanya umutekano w’igihugu bari kumwe n’abanyamahanga.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo aragabisha abo bose bimba ubutare ata ruhusha bafise,babamenyesha ko bazohanwa hisunzwe amategeko agenga gucukura ubutare.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo ntimukomeye! umuntu ariko ararondera icogutungumuryango harikosa abakoze ubwobutare babwivye kwisi y ’Imana yarenye simwe mwayirenye mwavutse muyisanga ngaho, muzopfa muyisiga ngaho. Mwebwe komwirirwa muriba mwica mumaze gucirirwa izahe?,vyukuri musigaye murumuti wamenyo!. abobantu nukwezi kwonyene ntakwo bari bakwiye gufurwa.

  • None Harumuntu Yimba Ubutare Adafise Impapuro Zigenga Ikirobwe Muyinga Nkishirahamwo Kazoza Keza Abo Nugufatigwa Ingigo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.