Accueil > Ubutunzi > Kwegeka Inzuki biracari kure
 Kwegeka Inzuki biracari kure
 Kwegeka Inzuki biracari kure
				
				samedi 24 Munyonyo 2012
Mu Burundi umwuga wo kworora inzuki nturatera imbere kuko abantu benshi ntibarabona akamaro kawo. Ishirahamwe API-MIEL ryoryo rigeze ku bitiba birenga 450.
Umwuga  wo kwegeka  ni ukuvuga kworora inzuki uri mu gisata cibagiwe. Nta na politike ya reta yokuwuteza imbere yigeze ibaho.
 Ishirahamwe ryitwa   API-MIEL ryoryo ryaratanguye uwo mwuga. Ryatanguye ibikogwa  mu  mwaka w’2002, rifise intumbero yo guteza imbere umwuga wo kwegeka no kugwiza inzuki.
Umuyobozi mukuru wa API-MIEL  Nahimana Denis avuga ko gushika ubu   iryo shirahamwe rigeze ku bitiba vya kijambere birenga 450 birimwo inzuki.  Avuga  kandi ko iyo umwimbu wagenze neza  ku bitiba vya kijambere,kimwe ngo gishobora gutanga umwimbu ungana nibiro 50 ku mwaka,  bikagurishwa amafaranga arenga  ihumbi 250 y’amarundi ku mwaka.
Uyo muyobozi agasaba abanyagihugu kwijukira uyo mwuga wokworora inzuki kuko umuntu abikoze neza aronka umwimbu ushimishije bigatuma yisununura akikenura hanyuma akava mu bukene.
Abahinga co kiimwe n’abaganga bavuga ko ubuki bufise akamaro kanini mu mubiri, ngo hariho n’ingwara zitari nke ubuki buvura. 
Agacupa kamwe k’ubuki kagurwa hagati y’amafaranga ibihumbi bitatu n’ibihumbi bine, budandarizwa ahanini mu nzu z’ubudandaji bita Alimentation, bugwiriye cane cane i Bujumbura, i Gitega n’i Ngozi.
iryo shirahamwe API-MIEL  ubu rikorera mu ntara zine arizo Bujumbura, Cibitoke,  Bururi na Bubanza, mu minsi iri imbere ngo rizotandukira gukorera  mu zindi ntara.
Jean Marie Mayonga

Messages
13 Nzero 2017, 22:44, par MANARIYO FRANÇOIS
NDI MU KIRUNDO NSHAKA GUKORESHA IMIZINGA YAKIJAMBERE KUKO NKORESHA IYIKIRUNDI MUZOBA MUKOZ RPS