IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Mahama : Abarundi b’impunzi bagirizwa kudandaza urumogi bashikirijwe (...)

Mahama : Abarundi b’impunzi bagirizwa kudandaza urumogi bashikirijwe Sentare

mercredi 2 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’igiporisi mu ntara z’ubuseruko bw’Urwanda, IP Dusabe Bosco, yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko muri uwo mukwabu bafashe Abarundi batandatu, ariko batanu muribo bakaba bamaze kurekurwa. Hasigaye umwe upfungiye ku mu giporisi i Kirehe.

Yagize ati : “Ni umukwabu wakozwe ku wa Gatandatu kuko hari amakuru twari dufite ko hari ibiyobyabwenge bicururizwa mu nkambi, hari batandatu twafashe ariko kugeza ubu uwafunzwe ni umwe twafatanye urumogi ni nawe twashyikirije parike.”

Yabandanije avuga ko muri iyo kambi ya Mahama basanzemwo inzoga zitemewe n’amategeko, hamwe n’urumogi rwafatanwe uwo yashikirijwe ubutungane.

IP Dusabe yasavye impunzi z’Abarundi kwigenza neza, kuko uwuzokorera icaha wese ku butaka bw’Urwanda azohanwa, kandi ko ubutungane butazoraba ko ari impunzi.

Yagize ati : “Impunzi zigomba kubahiriza amategeko y’igihugu zahungiyemo, ntabwo zifite ubudahangarwa kuko zitwa impunzi. Birinde ibyaha kuko itegeko rihana uwo ariwe wese, ntabwo rireba ngo uri impunzi cyangwa umwenegihugu.”

Mu giporisi c’Urwanda bavuga muri uwo mukwabu hari hafashwe abarundi batandatu, mu gihe hari amakuru yavuga ko abatawe muri yompi barenga 20. IP Dusabe Bosco, umuvugizi w’igiporisi mu ntara z’ubuseruko bw’Urwanda, yabihakanye, yemeza ko ari batandatu gusa bafashwe.

Amakuru dukura mw’ikambi y’i Mahama avuga ko mu mukwabu wakozwe, abafashwe ari abagirizwa ko bakorana n’iperereza hamwe n’igisoda vy’Uburundi. Imiryango y’abo bafashwe ikamenyesha ko gushika ubu itazi aho bapfungiwe.

Uwo murundi umwe yagirizwa ko yafatanwe urumogi niyagirwa n’icaha, bitegekanijwe ko ashobora guhanishwa umunyororo wo kuva ku myaka itatu gushika ku myaka itanu, hamwe n’amande y’amafaranga ava ku bihumbi amajana atanu vy’amanyarwanda, gushika ku miriyoni zitanu, nk’uko biri mu ngingo y’594 mu gitabu mpanavyaha c’Urwanda.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.