IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Mairie: Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yakuwe murayo (...)

Mairie: Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yakuwe murayo mabanga

Friday 17 August 2018, by vianney

Mu rwandiko uwuserukira imbere y’amategeko ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere yasohoye,Elie NIRAGIRA amenyeshako we n’urwego ruhurikiyemwo inama y’abavyeyi bihweje ubusuma bwakozwe n’uyo muyobozi mu kibazo ca Reta,umugambi wo gutanga urupapuro rw’umutsindo k’umunyeshure atazwi hamwe no gukorera ikibazo ca Reta uwo munyeshure atazwi ,akuwe mu mabanga yo kuba umuyobozi w’iryo shure.

Elie NIRAGIRA avuga ko inama ihurikiyemwo abigisha hamwe n’urwego rw’abigisha bajejwe gufata ingingo ko umunyeshure yoronswa urupapuro rw’umutsindo bose bakuwe kuko bemeye gutanga urupapuro rw’umutsindo k’umunyeshure atigeze atonda mw’ishure.

Elie NIRAGIRA avuga kandi ko igikorwa co gutora umuyobozi w’ishure kigiye kuja mu maboko y’inama ihurikiyemwo abavyeyi barereye kuriryo shure.

Benjamin MANIRAMBONA yafashwe ku musi wa kane w’indwi iheze igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018 yambaye umwambaro w’umunyeshure w’ishure arongoye ariko akora ikibazo ca Reta mu kibanza c’umunyeshure ata menyekanye ku kigo c’ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.