Accueil > Amakuru > Amashuri > Makamba: Abigisha bo kw’ishure nshingiro rya Gitwe basaba ko umutekano wabo (...)
Makamba: Abigisha bo kw’ishure nshingiro rya Gitwe basaba ko umutekano wabo ukingirwa
mardi 14 Ntwarante 2017
Inyuma y’igitero cakozwe n’abanyeshuri kw’ishuri rya nshingiro rya Gitwa, riri muri komine ya Kayogoro ,intara ya Makamba, abigisha kuri iryo shuri basaba gukingirwa kuko umutekano wabo ubangamiwe.
Inyanduruko ya vyose, ni umwigisha yagirijwe n’abanyeshuri biga kuri iryo shuri rya Gitwe ko yahanye umunyeshuri, baca bafata ingingo yo kuza gutera uwo mwigisha mw’ishuri bitwaje ubuhiri n’imipanga.
Abigisha bo kw’ishure nshingiro rya Gitwe bamenyesha ko basavye ubuyobozi gutunganya inama kugira bige ikibazo c’umutekano c’abakozi bo kuri iryo shuri ariko ubuyobozi busa nuko butavyumvise.
Abo bigisha bagiriza ubuyobozi bw’ishure nshingiro rya Gitwe ko bwafashe minenerwe ikibazo c’abigisha babangamiwe n’abanyeshuri.
IGIHE