IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Makamba: Abigisha bo kw’ishure nshingiro rya Gitwe basaba ko umutekano wabo (...)

Makamba: Abigisha bo kw’ishure nshingiro rya Gitwe basaba ko umutekano wabo ukingirwa

mardi 14 Ntwarante 2017

Inyuma y’igitero cakozwe n’abanyeshuri kw’ishuri rya nshingiro rya Gitwa, riri muri komine ya Kayogoro ,intara ya Makamba, abigisha kuri iryo shuri basaba gukingirwa kuko umutekano wabo ubangamiwe.

Inyanduruko ya vyose, ni umwigisha yagirijwe n’abanyeshuri biga kuri iryo shuri rya Gitwe ko yahanye umunyeshuri, baca bafata ingingo yo kuza gutera uwo mwigisha mw’ishuri bitwaje ubuhiri n’imipanga.

Abigisha bo kw’ishure nshingiro rya Gitwe bamenyesha ko basavye ubuyobozi gutunganya inama kugira bige ikibazo c’umutekano c’abakozi bo kuri iryo shuri ariko ubuyobozi busa nuko butavyumvise.

Abo bigisha bagiriza ubuyobozi bw’ishure nshingiro rya Gitwe ko bwafashe minenerwe ikibazo c’abigisha babangamiwe n’abanyeshuri.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.