IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Michel NURWEZE yimuriwe mw’ibohero rya Mpimba

Michel NURWEZE yimuriwe mw’ibohero rya Mpimba

samedi 25 Ruhuhuma 2017

Kuva kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, Michel NURWEZE batazira Rwembe yahora apfungiwe mw’ibohero rya Rumonge, yarimuriwe mw’ibohero rya Mpimba i Bujumbura.

Amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Rumonge, amenyesha ko Michel NURWEZE ari kumwe n’abandi bapfungwa 5 bimuriwe mw’ibohero rya Mpimba inyuma yo kwirukanwa na bagenzi babo kuwa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Michel NURWEZE n’abandi batanu bari kumwe bagirizwa n’abagenzi babo bo mw’ibohero ryo mu Rumonge ko boba bagize uruhara mw’ihindurirwa ry’ibohero rw’abandi banyororo barimwo umukuru w’abanyororo.

Muri yegereyegere yabaye kuwa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, mw’ibohero rya Rumonge abanyororo babiri nibo bakomerekejwe n’amasase yarashwe n’abapolisi bariko bagerageza guhagarika yegereyegere.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.