IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Miss Rwanda 2017 yatowe : Amafoto

Miss Rwanda 2017 yatowe : Amafoto

dimanche 26 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’ukurondera Miss Rwanda 2017 catahukanwe na Iradukunda Elsa w’imyaka 18 y’amavuka, w’imetero 1,76 akaba ari mu bari baserukiye intara y’ubuseruko bw’Urwanda. Uwatahukanye ikibanza ca kabiri ni (2eme Dauphine) yabaye Mutoniwase Linda nayo "1ere Dauphine" aba Shimwa Guelda.

Iradukunda Elsa yatowe mu birori vyabereye muri "Kigali Conference and Exhibition Village", ahahoze hitwa Camp Kigali, kuri uwu wa 25 Ruhuhuma 2017.

Abakobwa 15 bageze mu gice ca nyuma c’ihiganwa batowe mu ntara zose zigize Urwanda.

Miss Rwanda 2017 Iradukunda Elsa afashe ikibanza cahoramwo Mutesi Jolly yari amaze umwaka ariwe ari Miss Rwanda 2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.