IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya:Umukuru w’ishirahamwe PARCEM yarengukishijwe muri sentare nkuru (...)

Muramvya:Umukuru w’ishirahamwe PARCEM yarengukishijwe muri sentare nkuru y’intara

vendredi 5 janvier 2018

Abo batatu baserukira ishirahamwe PARCEM mu ntara ya Muramvya bahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017 ,ni Emmanuel NSHIMIRIMANA, Aime Constat GATORE na Marius NIZIGAMA.

Uko ari batatu baserukira ishirahamwe PARCEM mu ntara ya Muramvya, bahagaritswe bagirizwa guhungabanya umutekano hagati mu gihugu, no gukoresha inyandiko zitari zo.

Mu ntumbero yo gutanga umuco no gusigura ivyo umucamanza yashatse kuvuga, uwaserukiye Reta mu rubanza rwa mbere rw’abo banywanyi ba PARCEM , yasavye ko Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yokwitaba sentare nkuru y’intara ya Muramvya.

Faustin NDIKUMANA yitavye muri sentare nkuru y’intara ya Muramvya, isaha zitatu z’igitondo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2017.

Abo banywanyi b’ishirahamwe PARCEM bafashwe kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017, baca binjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.