IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muyinga : KWIZERA Dieudonné yasabiwe gupfungwa imyaka 30

Muyinga : KWIZERA Dieudonné yasabiwe gupfungwa imyaka 30

jeudi 27 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Sentare y’i Muyinga yasabiye umunyororo w’imyaka 30 uwitwa KWIZERA Dieudonné yagirizwa ko yafashije uwuri mu bakoze igitero cabaye kw’ikambi y’igisirikare c’Uburundi ku Mukoni mu ntara ya Muyinga kw’igenekerezo rya 23 Nzero 2017.

KWIZERA Dieudonné yagirizwa ko ari mu bateguye ico gitero, akaba yari amaze indwi apfunzwe. Sentare ifatira ivyo birego ku kuba uwo avyagirizwa yatije imodoka yiwe umwe mu basirikare bafashwe bagirizwa ico gitero.

Uwo yagirizwa ivyo vyaha yamereye Sentare ko yatije iyo modoka yiwe uwo musirikare, ariko ko atari azi ico ihava ikoreshwa.

Sentare yamusabiye umunyororo w’ugupfungwa imyaka 30 hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga ibihumbi amajana abiri y’amarundi.

Urwo rubanza rukazosomwa kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2017. Niho hazomenyekana ingingo Sentare izoba yafashe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.