IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > NKURIKIYE : "Ibiharuro vyerekana ko umutekano ukwiye mu Burundi"

NKURIKIYE : "Ibiharuro vyerekana ko umutekano ukwiye mu Burundi"

samedi 17 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE ashikiriza ko abajejwe umutekano iyo batashoboye gukinga kugira ubwo bugizi bwa nabi ntibukorwe, amatohoza ariyo aca akorwa kugira igiporisi kirondere abakoze ubwo bugizi bwa nabi bashikirizwe ubutungane.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko igiporisi kibandanya ibikorwa vy’ukurwanya abo bagizi ba nabi, akavuga abasuma bafatwa, hamwe n’abantu baba banyurujwe ariko igiporisi kikabatora.

JPEG - 1 Mo
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Igiporisi c’Uburundi gisaba abanyagihugu ko boza baratanga amakuru kare kugira ivyaha bishobore gukingwa.

NKURIKIYE amenyesha ko ata bantu bariko baranyuruzwa ubu, ahubwo ko vyigeze kuba bikorwa mu gihe c’intureka Uburundi buhitiyemwo mu mwaka w’2015, akavuga ariko ko vyaragabanutse cane.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.