IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi: Abacamanza babibiri bapfungiwe mw’ibohero rikuru bagirizwa kurya (...)

Ngozi: Abacamanza babibiri bapfungiwe mw’ibohero rikuru bagirizwa kurya ibiturire

vendredi 17 Ntwarante 2017

Kuva kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017, abacamanza babiri bakorera sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Ngozi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi bagirizwa ko boba barariye ibiturire mu rubanza rw’abagirizwa kwiba ubutare bwa Coltan.

Joseph HATUNGIMANA na Christophe bahagaritswe n’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Ngozi ari kumwe n’uwurongoye igendereza hagati mu gihugu mu ntara ya Ngozi.

Inyuma y’urubanza rwaciriwe abagirizwa kwiba ubutare muri komine ya Kabarore mu ntara ya Kayanza, abagirizwa kwiba ubutare bahavuye bunguruza urubanza bamwe muri bo baca bararekurwa abandi bagabanirizwa igihano.

Ingingo yo kurekura bamwe abandi bakagabanirizwa ibihano ntiyashimishije bamwe mu bategetsi, ari naco catumye abo bacamanza babiri bikekwa ko boba bari mubariye igiturire kugira ivyo bikorwe.

Muri abo bagirizwa kwiba ubutare bwa Coltan, harimwo abarundi hamwe n’umunyarwanda.


IGIHE

Messages

  • NI BABANYARE BARICA IGIHUGU NA BENEGIHUGU NAJEWE HARIHO UMUCAMANZA WI KARUZI YANGIRIYE AMANYANGA ATAVUGWA! NABUZE INGENE NI TURA UMUSHIKIRANGANJI WUBUTUNGANE ; YO HAMBIJE ABO BANDI! JEHO RERO VYABAYE AGAHOMA MUNWA AHO YACIYE URUBANZA RUGAHERA MUNYUMA AKARUSUBIRAMWO UBUGIRA KABIRI NIMPAPURO ZAMATSINDE YARANSINYIYE WE NYENE UBWIWE! AKANKA KO URUBANZA RUJA MUNGIRO; ARIKO UMUROZI AROGA KERA AGATEBA AZIRA URUYOYA!

  • Izo mburakimazi nibo batuma indyane zibandanya mu gihugu. Il faut guhana iyo misega sinon izohava ibandanya kwanduza abandi ubwo busega

  • Abakwirikirana abacamanza barya ibiturire, barakubitira mu Mbogora muri Nyabihanga province Mwaro, ni akamaramaza. Abacamanza baratembeje abanegihugu.Abantu barabuze ayo bacira nayo bamira.

  • Abantu Abaravuga Tohoza Neza Harigihe Yoba Ata Giturire Yariye

  • fata abobangesera abarya ibiturire abo nibo basubizinyuma igihugu bafate kand bahamwe bikwirikijwe amatengeko.

  • niho bokoma nibakoresh ukuri kugira kuj ahabona

  • JEWE NDI MURUMONGE,INTARA SHASHA,AHIGITURIRE CIRAYE.NIMBA HARI URWEGO RWIGIHUGU RUNGEZURA,IZEGO ZUBUTUNGANE,NIMUKUBITIRE,MURUMONGE,IJIRE MUMAPOSTA KURIKIRA,MUBIRO BIGIZWE NIGIPORISI,PARAKI YA RUMONGE,SENTARE YA RUMONGE,AKAMARAMAZA AHUMUSHINGANTAHE,YITWA SAYAYI YIFATIYE SENTARE YA RUMONGE BAKAMUSINYIRA KUDANDAZA ITONGO RYA ABASIGWA BUMURYANGO WA KABURA SADOCKE RIHEREREYE MUMWAGU,GATSIBIRI NYABIGOZI, UMUTUMBA, KARAGARA.ZONE BURUHUKIRO. INKUR NZIZA 79928198

  • JEWE NDI MURUMONGE,INTARA SHASHA,AHIGITURIRE CIRAYE.NIMBA HARI URWEGO RWIGIHUGU RUNGEZURA,IZEGO ZUBUTUNGANE,NIMUKUBITIRE,MURUMONGE,IJIRE MUMAPOSTA KURIKIRA,MUBIRO BIGIZWE NIGIPORISI,PARAKI YA RUMONGE,SENTARE YA RUMONGE,AKAMARAMAZA AHUMUSHINGANTAHE,YITWA SAYAYI YIFATIYE SENTARE YA RUMONGE BAKAMUSINYIRA KUDANDAZA ITONGO RYA ABASIGWA BUMURYANGO WA KABURA SADOCKE RIHEREREYE MUMWAGU,GATSIBIRI NYABIGOZI, UMUTUMBA, KARAGARA.ZONE BURUHUKIRO. INKUR NZIZA 79928198

  • EGO MURARABA NEZA NTIMUBARENGANYE NKUKO BARENGANYA ABANDI NABO BAHATORERE ICIRWA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.