Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ngozi : Urubanza rwa Germain RUKUKI rwumvirijwe ku ncuro ya (...)
 Ngozi : Urubanza rwa Germain RUKUKI rwumvirijwe ku ncuro ya mbere
 Ngozi : Urubanza rwa Germain RUKUKI rwumvirijwe ku ncuro ya mbere
				
				mercredi 4 avril 2018
Germain RUKUKI yagirijwe kwica, kuba mu mirwi irwana, gusambura inyubakwa za Reta canke z’abigenga, guhungabanya umutekano wa Reta, hamwe no gutembagaza ubutegetsi bwisunze ibwirizwa nshingiro.
Amakuru ava aho i Ngozi, amenyesha ko ababuranira Germain RUKUKI batanyuzwe n’ivyo yagirizwa, baca basaba ko icaha cose yagirizwa cokwigwa ku ruhande rwaco, ariko sentare iravyanka.
Sentare nkuru ya Ntahangwa, yahavuye ishira urubanza mu mwiherero, bikaba vyitezwe ko rusomwa inyuma y’ukwezi.
Germain RUKUKI yahagaritswe mu kwezi kwa Mukakaro 2017,ku muhana iwe, muri zone Ngagara, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.
MUGISHA Van Naris

Messages
13 avril 2018, 19:09, par Silas
Kula.Kulipa Yarahenzwe,siwe, Igihe,abandi,bahunga,yarihe ?