IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Nta murundi n’umwe azoshikirizwa ubutungane bw’ikindi gihugu"

"Nta murundi n’umwe azoshikirizwa ubutungane bw’ikindi gihugu"

lundi 18 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ngingo y’150, agace ka kabiri muri iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro, bavuga ko ata murundi n’umwe ashobora gushirwa mu minwe y’ubutungane bw’ikindi gihugu kiriko kiramukurikirana.

Iyo nteguro iravuga kandi ivyerekeye inama nkuru y’ubucamanza, aho mu ngingo ya 219 bavuga ko Abacamanza bagenwa mu mabanga bajejwe n’Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu bisabwe n’Umushikiranganji w’ubutungane n’Inama nkuru y’ubucamanza yisunze ivyashikirijwe.

Ingingo ya 221 ivuga ko inama nkuru y’ubucamanza itegura rimwe mu mwaka icegeranyo cerekana ingene ubutungane bwifashe mu gihugu. Ingingo ya 222 nayo ivuga ko mu bagize inama nkuru y’ubucamanza hategerezwa gucungerwa ko ata bwoko, intara, canke igitsina bikumiriwe.

Inama nkuru y’ubucamanza igizwe n’aba bakurikira : abacamanza bane bo muri Sentare nkurunkuru, abacamanza babiri bo muri Sentare z’intango, abantu bane batowe mu bikorera ivyabo barangura umwuga mu vyerekeye amategeko.

Abo mu murwi wa mbere n’uwa kabiri batorwa n’abacamanza. Ingingo ya 223 ivuga ko abagize inama nkuru y’ubucamanza bagenwa n’Umukuru w’Igihugu babanje kwemezwa n’Inama Nkenguzamateka.

Ingingo ya 224 nayo ivuga ko inama nkuru y’ubucamanza irongorwa n’Umukuru w’Igihugu yunganiwe n’Umukuru wa Sentare Ntahinyuzwa hamwe n’Umushikiranganji w’ubutungane, uwa mbere akaba Icegera c’Umukuru w’Inama Nkuru y’ubucamanza, uwundi nawe akaba Umunyamabanga.

Ingingo ya 225 ivuga ko ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro ariryo ritomora ingene Inama Nkuru y’ubucamanza n’abashikirizamanza itunganijwe, ingene ikora n’ingene abayigize bagenwa.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ubucamanza butegerezwa kwigenga. Niba mushaka ko iryo bwirizwa nshingiro rirama, rikamara igihe, muhinyanyure izo ngingo zirebana n’urwego rw’ Ubucamanza. Mushireho Chief Justice nk’uko hariho Prezida w’Inama nshingamateka na Nkenguzamateka. Trois Pouvoir separes mais Complemantaires. ubwo se Ubucamanza bwagirirwa icyizere gute, kandi bushyirwaho na Pouvoir Executif bukanayoborwa nayo!!!!!!! Abacamanza ba Sentare Ntahinyuzwa nibo bakwiye kugenwa n’Umukuru w’Igihugu bakemezwa na Parlement naho abandi bategerezwa gushyirwaho n’Inama Nkuru y’Ubucamanza! Abagize inama Nkuru y’Ubucamanza kandi nabo bagombyeg ushyirwaho n’Itegeko! Imana ihezagire Uburundi n’abarundi n’abavukanyi babo(Rwanda-Tanzaniya-Uganda na Kenya)

  • Reka nitwengere.
    Ngo CPI ntayo dutinya.
    Ivyo vyose bariko barahindagura basha coba kuko bazi ko impera n,imperuka bazokwagirwa n,amabi bakoze kandi bariko babandanya gukora.
    Ngo nta murundi azosubira kuburanishirizwa hanze y, Uburundi.
    Ariko ingorane ihari n,uko batazokwama ku butegetsi. Ariko bo mu mitwe yabo ntavyo bibaza.

  • Aho Agatho Rwasa arahatoreye akoyokwe, kubera abanyamurenge yagandaguye bari kuzamugeza kure cane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.