IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR : Amafaranga yari yitezwe mu kwezi kwa kabiri siyo yinjiye

OBR : Amafaranga yari yitezwe mu kwezi kwa kabiri siyo yinjiye

vendredi 3 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Ikigo OBR (Office Burundais des Recettes) kijejwe kwegeranya amakori ya Reta kimenyesha ko amafaranga yategerezwa kwinjira mu kigega mu kwezi kwa Ruhuhuma atariyo yabonetse, hakaba habaye agahombo k’ibice 0,6 kw’ijana.

Muri uku kwezi kwa Ruhuhuma, mu kigo OBR bamenyesha ko bari biteze kwinjiza amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 51,78, ariko ayagera ku miriyaridi 51,49 akaba ariyo yashoboye kwinjira vy’agateganyo.

Kuri ayo yari yitezwe, ayagera ku miriyardi 0,29 niyo atashoboye kwinjira mu kigega ca Reta.

N’aho biri uko, mw’itangazo OBR yasohoye bamenyesheje ko bagereranije n’amafaranga yari yinjiye mu kigega mu kwezi kwa kabiri nyene kw’umwaka uheze, habaye akarusho muri uwu mwaka k’imiriyaridi 7,53 bagereranije n’ayinjiye muri uwu mwaka.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.