Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubuseruko
Ouganda : Umuvugizi w’igipolisi yitavye Imana arashwe n’abantu bataramenyekana
Yanditswe taliki ya 17-03-2017 - isaha 10:48' na IGIHE

Umuvugizi w’igipolisi mu gihugu c’Ubuganda AAIGP Andrew Felix KAWESI yagandaguwe arashwe mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante ,umwaka wa 2017.

Amakuru ava mu gihugu c’Ubuganda amenyesha ko AAIGP Andrew Felix KAWESI yarashwe mu gatondo ari mu modoka yiwe n’abantu bataramenyekana.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Newvision amenyesha ko Andrew Felix Kawesi yarasiwe ku metero nkeya n’abantu bari kw’ipikipiki avuye muhira aho yaba i Kulambiro, ku murwa mukuru w’igihugu Kampala ari kumwe n’abamucungerera ubuzima.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abamurashe baciye bahunga kandi icatumye araswa n’ubu kitaramenyekana.

Inyuma y’umwaya muto ubwo bwicanyi bubaye, umukuru w’igipolisi mu Buganda IGP Gen. Kale Kayihura yahashitse ari kumwe n’abapolisi kugira batanguze amatohoza yo kurondera uwoba yinyegeje inyuma y’ubwo bwicanyi.

Ivyiyumviro vyanyu

ndumva mbabaye gusa

18.03.2017 à 15:53
habinshuti jean claude

@NKDN,mubarashe Umuvugizi wa Police ya Ouganda abamaze gufatwa biyemereye ko ari Imbonerakunya, ivyaha vya DD mu karere biragisibije

18.03.2017 à 08:09
Mututsimwiza

Ngo nukubera ubugande bwaraye bwemereye umunyarwanda yahunze igihuguciwe kwubaka uruganda muri Auganda ngorero Kagame ngwagiye guhigura nu Bugande !

18.03.2017 à 06:06
.

Ew mana yanj inzirakarengan simuburund gus pe !

17.03.2017 à 23:40
Wasafi

Yooooo ! Karinkwira bayobe ! Nta kundi isi irageze kuka nyuma.

17.03.2017 à 19:20
Major buyoya

Yoo ! Nkiyo twari Bayihoye Iki ? Abansi Banzego Zigihug Ntibar Muburundi.

17.03.2017 à 16:28
Piscoro

Yoo ! Nkiyo twari Bayihoye Iki ? Abansi Banzego Zigihug Ntibar Muburundi.

17.03.2017 à 16:27
Piscoro

Abarundi Twama Tubabwira Ko Abakora Iterabwoba Twobarwaniriza Hamwe Ntimuvyumve Nanyu Nimutanguze Ibiganiro Nabo Bamurashe

17.03.2017 à 15:56
Nkdn

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.