IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Patiri Thomas NAHIMANA yashinze Reta y’Urwanda ikorera mu buhungiro

Patiri Thomas NAHIMANA yashinze Reta y’Urwanda ikorera mu buhungiro

lundi 20 Ruhuhuma 2017

Ntivyari bimenyerewe mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, Patiri Thomas NAHIMANA yashinze Reta y’Urwanda ikorera mu buhungiro igizwe n’abashikiranganji cumi na bane.

Umukuru w’igihugu ni Patiri Thomas NAHIMANA ubwiwe, akaba afashwa n’umushikiranganji wa mbere hamwe n’icegera ciwe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC ,amenyesha ko Victoire INGABIRE UMUHOZA asanzwe apfungiwe mu gihugu c’Urwanda na Deogratias MUSHAYIDI na bo bagenywe muri iyo Reta.

Victoire INGABIRE UMUHOZA, ajejwe imuco, umuryango no guteza imbere abigeme n’abapfasoni,mu gihe Deogratias MUSHAYIDI nawe ajejwe ubutungane.

Iyo Reta ikorera mu buhungiro isaba Reta ihari mu gihugu c’urwanda irongowe n’umukuru w’igihugu Paul Kagame kwitaba ibiganiro bibahuza.

Basaba kandi kwugurura imiryango bitarenze itariki 23 z’ukwezi kwa gatatu mu mwaka wa 2017 kugira abanyarwanda bose bavyipfuza batahuke mu gihugu, abapfunzwe bapfungurwe, imigambwe yipfuza kwitaba amatora ategekanijwe mu kwezi kw’umunani mu 2017 akemererwa gukora ku mugaragaro ata nzitizi.

Patiri Thomas Nahimana avuga ko arongoye Reta y’Urwanda ikorera mu buhungiro yashatse gutahuka mu gihugu c’Urwanda incuro zibiri zose, ariko ubutegetsi bw’Urwanda bumwima ubwo burenganzira.

Kuri Patiri Thomas Nahimana, gushika ku butaka bw’Urwanda bisa n’ibitazomworohera kuko amaze kugerageza kabiri kose ariko bikanka.


IGIHE

Messages

  • Uwushaka urupfu asoma Ingwe,uyu mupatiri w’Umurundi en même temps w’umu Français, afashwe n’ibihe bisazi?maramarira hiyo

  • Leta ikorera mu cumba c’inzu yiwe arayisanganywe, nakare n’interahamwe nta gitangaza kirimo,u Rwanda ruramukosora arindire gato

  • Ahaaaaaaahaaaaaahaaaaa Ewe Kagome Ngo Ntugatunge Urutoke Mugenzawe nawe utabanjije kwiraba.mbega biragenda gute uyumwaka murwanda?yivanga muvyuburundi,ubunawe arinjiranywe agezweho yemwe nzabambarirwa.narekere mutama Nkurunziza ntibangana aramurusha politike.mubinkurikiranire yemwe muzombwira ivyakagome.

  • Nakamaramaza Nahunguke ntanzu yubakwa muyindi

  • alerte alerte alerte alerte alerte kwakagame batazira kagome,ewe kagome mutama Nkurunziza numvuke yarasizwe amavuta nimana.nzabambarirwa ababikurikiranira hagufi muzombwira hageze reta nshasha murwanda nubwiyemezi bwakagame,avuga nkurunziza ngo ntapolitike azi reka turabe ahagiti yabo uwusumvya uwundi politike,muzombwire.

  • Uyu Padiri Nahimana Thomas,abanze yitabe ubutabera asobanure ibyo yanditse muri le prophete ashishikariza ivangura moko,tout se paie ici bas

  • hari abo mbona biha gutuka Nyakubahwa Paul KAGAME, ibi vyerekana ivyuyumviro bikiri hasi cane mufise. Naho uyu na leta yiwe niba ibaho nakomeza adutwenze kuko ntazi ivyo arimwo. naho HE KAGAME nawe yarivugiye ko abamutuka canke batgatuka u Rwanda batazabuza abanyarwanda gukomeza gutera imbere. Iyo muvuga abo muvuga baba bariko barikomereza inzira y’iterambere namwe muri bla bla bla blab bla bla............., kanguke!

  • hahahaaaa none se igihe.com ko itabyanditse???? ayo si amakuru abanyarwanda bakeneye kumenya??

  • @Mbogoyishamba,ndabona udedemba vyinshi na wewe shirako Gouvernement yawe,abasazi muri benshi

  • @Mbogoyishamba alias Mushawishamba,Interahamwe nkamwe murantwenza none nkaho urabona ujya mugesera w’Umupatiri w’umwicanyi azoshika kuki?soma site yiwe yitwa le prophete.fr urabe ivangura amoko yandika hama uce umushigikira,shame on you

  • Abarundi murantwenza u Rwanda ntimukarugereranye n’u Burundi politique y’u Rwanda irahambaye cane gose,naho uyo mukokezi w’ubwicanyi nka (RTLM)Patiri Thomas Nahimana asanzwe afise ikibazo co mumutwe, yarasaze, azokubitwa nivyatazi,RPF oyeeee

  • Mwavuga Ko Mwitunganyije None Mumaze Kuba Leta Zibiri Reka Mumisi Turorere Ivyanyu Navyo Iyo Bizoherera. Imbere Yoguta Ururimi Muze Mwibuka Ko Twese Turi Musi Yijuru Kandi Atakintu Nakimwe Caremwe Kija Hejuru Yimana. Iyaturemye Nimwe Kandi Niyizi Imibereho Yacu Canke Yanyu.

  • @ Cobla

    Ndakubwira ko uretse na Padiri utazi ibyo arimo niyo haza abandi nkawe, n’Abarundi mugafatanya ntacyo mwahindura kuri politique yu Rwanda haba ubu no mu myaka myinshi izaza. Padiri niba azi aho Mushayidi ari azaze amurebe areke politique ishaje. Aho isi igeze nta leta yo mubuhungiro ibaho iryo ni itera bwoba. Niba Padiri azi ibyo amaze iminsi yandika nakomeze asuke amagambo y’ubuswa arebe ko yapagasa kuko abamugaburiraga bamaze kumurambirwa.
    Abarundi namwe ibyo gutega u Rwanda iminsi iwacu nibyo biduha imbaraga zo gukora no kwirinda ( security preparedness and resolve to defeat all negative forces, muzarebe uko twabigenje in the last 22 years, ni mubimenya ntabwo muzongera kuvuga ubusa mubyo mwandilka.

  • Bavandimwe babanyarwanda muraze mucishamake kuko ahaturi uyumusi harabandi.nimureke gutuka uburundi kuko ejo bucanayandi.ikibarigwa nicunva icerekwa nikibona ejo mwakwisanga muri muburundi.iterambere naryo mwiratana ntimwarisunvya kadafi.

  • Hhhhhhhhhhh gvt yo mubuhungiro? Biriya babyita kwikirigita ugaseka. Naho Abarundi mwe byarabayobeye padiri ndabarahiye muzaba mumbwira ibye leta itaratowe ibaho?

  • ya Gouvernement yo mu buhungiro Victoire Ingabire yayivuyemo, batangiye kuryana nta n’umunsi urahera,za nterahamwe zahereye kare zimoka zirihe ko zidakoma?

  • Victoire Ingabire hamwe n’umugambwe wiwe FDU-Inkingi,bamaze kwiyamiriza Gouvernement yo mu Buhungiro yashizweko na Patiri Thomas Nahimana,abavuga ivyo mutazi mu ceceke rero

  • Darius bambarize izo mbonerakure nako izo nterahamwe.

  • Mu RWANDA ubona ibibazo agaceceka uwo ni UMUNYAKURI naho mugabo ubona ibibazo by’igihugu akabivuga uwo ni UMUNYABYAHA!!!!

  • Emwe akari mumenyo yimbWa bakuzayubuhiri nimugerageze nzoba ndaba ivyuburundi nurwanda bury kagame nkuru musev bazorekura?kiretse bapfuye

  • Iyo ngigwa Madini ngo Padri ese Padri nukuvuga iki? Yananiwe amabanga yiwe yambere none ikimworoheye nukuja gutoba abesha abantu? Egega abantu bazi kwitegereza. Avy’abitwa ngo bihaye Imana bakoze mugihugu c’Urwanda turabizi isi yose irabizi Yewe Thomas we izina niryo muntu. None uribagiye ko Thomas yahemukiye Yezu-Christ Imbona-nkubone akamugura baragendanye, akamuha abansi bakamwica.Thomas Nahimana urashaka amafranga nawe ngo ukomeze ugurishe Urwanda nka Thomas wo MUVANGIRI. Amaherezo uziyahura Nka Thomas. Bonne chance

  • Mbe babanyarwanda basasira kubibazo biri muburundi, ubu namwe muraronse ikindi kibazo sicambere nibindi murabisanganywe kiretseko muvyirengagiza, gira ico mwanditse kuvyizo Leta zivukira mumbavu nk,abana b’igitoke.

  • bamwebasabir intekomvamakungu igihuguc uburundi nibazijanemurwanda. ahohabaye letazibiri. uburundinibabureke kukontibirager aho bwicamwokabibamwebasabir intekomvamakungu igihuguc uburundi nibazijanemurwanda. ahohabaye letazibiri. uburundinibabureke kukontibirager aho bwicamwokabiri.

  • Mbe se Padiri wewe ko wananiwe gusoma misa arivyo wigiye ivyo vya politique wavyigiye he , Impunzi Zirashinga Leta, Vyakunaniye politique suko ikogwa . Urwanda rwarateyimbere ntirushobora gubizwinyuma nawe.

  • Padiri nahimana wowe umeze nk’umunyarwenya
    Ngo reta yo mubuhungiro !!! Uratinyuka rega ukaniyimika ngo uri perezida urasekeje, noneho umenya warataye umutwe si gusa, niba utangiye kwiyimika urishyanga ubwo ubaye perezida haruwagukira, ba sowanyu naba nyogosenge bwacya ari ba ministres. Imana igira ibyo yima amababa usibye kuba padiri no kubiba inzangano ntakindi wari gushobora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.