IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta isabwa gutegekanya ibikenewe kugira umuvyeyi wa NDADAYE Melchior (...)

Reta isabwa gutegekanya ibikenewe kugira umuvyeyi wa NDADAYE Melchior ashinguranwe iteka

dimanche 28 janvier 2018

Abicishije ku muvugizi wiwe Jean Claude KARERWA NDENZAKO, mw’itangazo yashikirije kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018, umukuru w’igihugu amenyesha ko yakiranye umubabaro mwinshi urupfu rwa Tereza BANDUSHUBWENGE,umuvyeyi w’incungu ya Demokrasi.

Umukuru w’igihugu amenyesha ko Tereza BANDUSHUBWENGE yaranzwe n’umutima w’urukundo, impuhwe, ikigongwe hamwe no kuremesha abandi, ivyo akaba yabigaragaje, inyuma y’igandagurwa ry’umwana wiwe akaba n’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE.

Muri iryo tangazo, umukuru w’igihugu yahojeje abasigwa buwo muhisi, incuti n’abagenzi babo, abakunzi ba demokrasi n’abarundi bose yabereye imboneka, akarorero n’urumuri rutazimiza.

JPEG - 59.8 ko
Jean Claude KARERWA NDENZAKO,Umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko, nk’uko yavyiyemeje kuva mu mwaka wa 2005, azokwama hafi y’abasigwa b’incungu ya Demokrasi Melchior NDADAYE, akabashigikira adahengeshanya.

Tereza BANDUSHUBWENGE umuvyeyi w’incungu ya demokrasi akaba n’umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu,yitavye Imana kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Nzero 2018, ahitanywe n’indwara ya asima.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.