IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge:Abagabo babiri bafatanywe inkoho baciriwe gupfungwa imyaka (...)

Rumonge:Abagabo babiri bafatanywe inkoho baciriwe gupfungwa imyaka ibiri

jeudi 15 février 2018

Amakuru ava mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko abagabo babiri bambere bafatanywe inkoho ari abarundi, boba barwana ku ruhande rw’umurwi Mayi Mayi mu buseruko bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, bafatiwe mu Karonda, muri zone Kigwena, intara ya Rumonge.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abo bagabo bafashwe igihe bariko bagerageza kugurisha izo nkoho, haca hafatwa n’abariko babafasha kurondera abazibagurira.

Sentare Nkur y’intara ya Rumonge yaciriye gupfungwa imyaka ibiri abafatanywe inkoho, abariko babafasha kurondera abazibagurira nabo sentare yabaciriye gupfungwa umwaka umwe, bagirizwa kugira uruhara mw’igurishwa ry’inkoho.

Uko ari bane, umwe wese yaciriwe kandi kuriha umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.