IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge: Abanyororo bazindukiye muri yegereyegere

Rumonge: Abanyororo bazindukiye muri yegereyegere

vendredi 3 Ruhuhuma 2017

Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 3 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017,hazindutse yegereyegere mw’ibohero rikuru rya Rumonge, abanyororo bariko basaba imfungurwa.

Amakuru ava mu begereye ibohero rya Rumonge,amenyesha ko yegereyegere yatanguye mu gatondo kare. Abanyororo bagize iyo yegereyegere kuko bamaze iminsi itatu bataronka ibifungurwa.

Abayobozi b’ibohero rya Rumonge bamenyesha ko abahora batanga ibifungurwa bahagaritse kubitanga kuko bateba kurihwa,ari nac gituma mu bubiko bw’ibifungurwa ata gisigayeyo.

Abapolisi benshi bari bakikuje iryo bohero,mu ntumbero yo kubuza ko hari abanyororo botoroka.

Ibohero rya Rumonge ririmwo abanyororo 1 038,muri abo 700 nibo bamaze gucirirwa imanza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.