Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rutana : Umudereva wa rusehabaniha y’i Makamba yarekuwe
 Rutana : Umudereva wa rusehabaniha y’i Makamba yarekuwe
 Rutana : Umudereva wa rusehabaniha y’i Makamba yarekuwe
				
				jeudi 11 janvier 2018
Sadoscar NDIKUMWAMI yari yahagaritswe yagirizwa kuba yatumye haba isanganya ry’imodoka z’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI.
Sadoscar NDIKUMWAMI yahagaritswe mu ntara ya Rutana, muri quartier Birongozi, inyuma y’isanganya ryatumye haba abakomereka.
Vyari bitegekanijwe ko Sadoscar NDIKUMWAMIarekurwa abanje kuriha amafaranga ibihumbi 50 vy’ihadabu, hamwe n’amafaranga 256500 bihabwa abakomerekeye muri iryo sanganya.
MUGISHA Van Naris
