Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Abagirizwa kwiba imashini nyabwonko y’umushikiranganji w’ubutungane (...)
Ruyigi : Abagirizwa kwiba imashini nyabwonko y’umushikiranganji w’ubutungane baciriwe gupfungwa imyaka 10
vendredi 8 juin 2018
Umuvugizi wa Sentare Ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko abo babiri ari Elie BIGIRIMANA na IRANKUNDA Jean Marie, bagiriwe n’icaha co kwiba imashini nyabwonko ngendanwa, mu gihe bariko boza imodoka asanzwe agenderamwo.
Abandi bahanwe na sentare nkuru y’intara ya Ruyigi, ni abana babiri Kenedy NDAYISHIMIYE yaciriwe gupfungwa imyaka itatu hamwe na Eloge NDIHOKUBWAYO yaciriwe gupfungwa imyaka ine kubera bakoranye n’abivye iyo mashini.
Iyo mashini yibwe kuwa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018, muri karitiye ya Gasanda, ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi.
MUGISHA Van Naris