IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Abagirizwa kwiba imashini nyabwonko y’umushikiranganji w’ubutungane (...)

Ruyigi : Abagirizwa kwiba imashini nyabwonko y’umushikiranganji w’ubutungane baciriwe gupfungwa imyaka 10

vendredi 8 juin 2018

Umuvugizi wa Sentare Ntahinyuzwa, Agnes BANGIRICENGE, amenyesha ko abo babiri ari Elie BIGIRIMANA na IRANKUNDA Jean Marie, bagiriwe n’icaha co kwiba imashini nyabwonko ngendanwa, mu gihe bariko boza imodoka asanzwe agenderamwo.

Abandi bahanwe na sentare nkuru y’intara ya Ruyigi, ni abana babiri Kenedy NDAYISHIMIYE yaciriwe gupfungwa imyaka itatu hamwe na Eloge NDIHOKUBWAYO yaciriwe gupfungwa imyaka ine kubera bakoranye n’abivye iyo mashini.

Iyo mashini yibwe kuwa kabiri igenekerezo rya 5 Ruheshi 2018, muri karitiye ya Gasanda, ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.