IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Ibiharuro vyerekana ko Paul KAGAME aza imbere mu majwi

Rwanda: Ibiharuro vyerekana ko Paul KAGAME aza imbere mu majwi

samedi 5 Myandagaro 2017

Abanyarwanda 5 498 414 nibo bitavye amatora y’umukuru w’igihugu ,ivyo biharuro bikerekana ko amatora yitabwe n’abanyarwanda ku bice bishika 80 kw’ijana vy’abari bategekanijwe gutora.

Ibiharuro vyerekana ko Paul KAGAME ariwe ari imbere y’abo bahiganwa, aho ku majwi y’abanyarwanda batoye amaze guharurwa,afise amajwi 98,66 kw’ijana .

Mw’ijambo yashikrije Paul KAGAME yashimiye abo bahiganwe mu matora ,ababwira ko bagerageje.

Abandi bariko bahiganwa na Pau l KAGAME ni Philippe MPAYIMANA yitoze nk’uwigenga yaronse amajwi 0,72 kw’ijana hamwe na HABINEZA Frank yitoje ku ruhande rw ‘umugambwe Green Party yaronse amajwi 0,45 kw’ijana.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora Kalisa MBANDA yavuze ko ibiharuro vya nyuma bizomenyekana ejo kuw’Imana, ariko ko biboneka neza ko Paul KAGAME yahora arongoye igihugu ariwe azotsinda amatora.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.