Rwanda : Umwami Kigeli V yasubirijwe n’umwami Yuhi VI

Yanditswe na IGIHE
Kuya 10 janvier 2017 saa 08:48
Yasomwe : 23652
0 0

Inyuma y’urupfu n’ishikanwa ry’ikiziga c’umwami Kigeli V mu gihugu c’Urwanda,umwami Kigeli V yasubirijwe n’umwami Yuhi VI.
Nkuko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga w’umwami Kigeli V,umwami Yuhi VI yitwa Emmanuel Bushayija,umuhungu wa Theoneste Bushayija,umwuzukuru w’umwami Yuhi V Musinga.
Yuhi VI yavukiye mu Rwanda kw’igenekerezo rya 20 Kigarama umwaka w’1960, akura ari impunzi mu gihugu c’ Ubuganda ari naho yize amashuri yisumbuye imbere yo gukora mw’ishirahamwe (...)

Inyuma y’urupfu n’ishikanwa ry’ikiziga c’umwami Kigeli V mu gihugu c’Urwanda,umwami Kigeli V yasubirijwe n’umwami Yuhi VI.

Nkuko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga w’umwami Kigeli V,umwami Yuhi VI yitwa Emmanuel Bushayija,umuhungu wa Theoneste Bushayija,umwuzukuru w’umwami Yuhi V Musinga.

Yuhi VI yavukiye mu Rwanda kw’igenekerezo rya 20 Kigarama umwaka w’1960, akura ari impunzi mu gihugu c’ Ubuganda ari naho yize amashuri yisumbuye imbere yo gukora mw’ishirahamwe PEPSI Cola i Kampala.

Yakoze kandi mu bukerarugendo mu gihugu ca Kenya, mu nyuma asubira mu Rwanda mu kwezi kw’indwi umwaka w’1994.

Yuhi VI Bushayija yasubiye kuva mu Rwanda mu mwaka w’2000 aja kuba mu gihugu c’Ubwongereza, ari naho aba gushika agenywe kuba umwami.


Kumenyekanisha

1
copy 10-01-2017 à 13:55

reka reka u Rwanda ni republique, abo bimika umwami sinzi ivyo barimwo.

2
Banzubaze 10-01-2017 à 13:28

None ko inkuba zibiri zidasangira igicu, hanyuma uwufise imbugita ari uwuyifise ikirindi, none uwo mwami azobigenza gute ?

3
Aferky 10-01-2017 à 11:07

None afise umugore, rungika ifoto yiwe.

4
Wily 10-01-2017 à 09:33

Wigumire Hiyo Kagame Yoca Akwica Numugesera

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha