IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Sendika SEPEDUC ifise amakenga ko intonde z’ivyigwa zishobora (...)

Sendika SEPEDUC ifise amakenga ko intonde z’ivyigwa zishobora kudahera

jeudi 1er mars 2018

Gerard NDIKUMANA arongoye sendika SEPEDUC avuga ko hari amashuri amwe amwe afise ibitabo bikoreshwa mu gice ca kabiri bikwiye, hakaba n’ayandi ataronse ivyo bitabo.

Uwo aserukira sendika SEPEDUC imbere y’amategeko, amenyesha ko bibaza ko ikibazo kiri ahanini mu gikorwa co kurwiza ivyo bitabo, kugira baronke ibikwira amashure yose.

Umukuru wa Sendika SEPEDUC asigura ko, kugira ico kibazo gitore inyishu, ibitabo vyo mu mwaka wa kabiri n’uwa gatatu mu myaka y’inyuma y’ishure nshingiro vyosohokera rimwe.

Gerard NDIKUMANA arongoye Sendika SEPEDUC agasaba Reta ko yorondera abafasha mu gikorwa co kurwiza ibitabo, canke nayo ikikora ku buryo ifise.

Twagerageje kurondera umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi agire ico atubwiye kuri ico kibazo, terefone ngendanwa yiwe yahamagara ariko ntiyashoboye kutwitaba.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.