IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare ntahinyuzwa yafashe ingingo zikomeye ku vyaha bizokorwa mu (...)

Sentare ntahinyuzwa yafashe ingingo zikomeye ku vyaha bizokorwa mu matora

mercredi 25 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ryasohowe na Sentare ntahinyuzwa kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2018, Agnes BANGIRICENGE umuvugizi w’iyo Sentare yasavye abashikirizamanza hamwe n’abacamanza kwama bagavye kugira bazokurikirane inkozi z’ikibi zoshobora gukora ivyaha. Mu gihe ivyaha vyokorwa, imanza zizocibwe ikibiriraho nk’uko bitegekanijwe n’amategeko.

Muri ryo tangazo, Agnes BANGIRICENGE asaba abatwara amaparake hamwe n’amasentare gutegura abakozi bakwiye kugira ntihagire inkozi yikibi yobaca mu ryahumye mu gihe c’ayo matora yimirije.

JPEG - 51.3 ko
Agnes BANGIRICENGE umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa

Iryo tangazo rirangiza risaba abanyagihugu hamwe n’abarongoye imigambwe kwirinda gukora ivyaha bisanzwe canke bijanye n’amatora, kuko mu gihe vyokorwa inzego zibijejwe zizobahana hisunzwe amategeko.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.