IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare ntahinyuzwa yemeje ipfungwa ry’uwahora arongoye sentare isubiramwo (...)

Sentare ntahinyuzwa yemeje ipfungwa ry’uwahora arongoye sentare isubiramwo imanza i Gitega

vendredi 20 avril 2018

Thomas NTIMPIRANGEZA yafashwe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, akaba yagirizwa ko yanyuruje isima yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, kugira ikoreshwe mu kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru mu ntara ya Karusi.

Ayandi makuru yavuga ko, Thomas NTIMPIRANGEZA yahagaritswe yagirizwa kurya igiturire mu rubanza rw’abagirizwa kunyuruza isima yari igenewe kwubaka ikibuga c’inkino mu ntara ya Karusi.

Uwo yahoze ari umukuru wa Sentare isubiramwo imanza ya Gitega akaba yaheruka gusubirizwa, inyuma yaho kuwa mbere igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018, inama nkenguzamateka yemereje uwugiye kumusubirira.

Thomas NTIMPIRANGEZA, ubu apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Kunyuruza (ibiki /abaki ?) ntibikiri icaha mu Burundi nyomba ari ikindi bamuhora :

    Naranyuruje, waranyuruje, yaranyuruje, twaranyuruje, mwaranyurujwe, baranyuruje. Alleluia, Amen.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.